Uko wahagera

Ibihumbi vy'Abantu Biyerekanye Biyamiriza Reta ya Malawi


Igipolisi muri Malawi carashe imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mu myiyerekanso y'ukwiyamiriza reta.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Blantyre mu bumanuko bw’igihugu aho basaba reta ya Prezida Lazarus Chakwera gushira mu bikorwa ivyo yemeye mu matora vyarimwo gutuma haboneka ubuzi umuliyoni n’uguhagarika inzara mu gihugu.

Bonny Kalindo, yahoze ari umushingamateka yayoboye imyiyerekano avuga ko ubuzi butaraboneka mu gihe reta igeze mu mwaka ugira kabiri. Amenyesha ko umuhango reta yatanze wuko abantu bazofungura gatatu ku musi bitashizwe mu ngiro.

Imyiyerekano y’uno musi ku wa gatanu yatumye bimwe mu bibanza bikorerwamwo imirimo y’ubudandaji n’inyubakwa za reta vyugara.

Prezida Chakwera yatsinze Prezida Peter Mutharika yahoze ayoboye igihugu mu mtora yasubiwemwo mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2020. Hari inyuma yuko yemeye kugabanya ruswa n’ugusubira kunagura ubutunzi bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG