Uko wahagera

Amerika Yahanye Abenegihugu 2 ba Irani Babangamiye Amatora


NYC elections
NYC elections

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bw’ubutungane bwatangaje ko bwahanye abenegihugu babiri ba Irani. Bubagiriza kuba barakoresheje urubuga rwa interineti mu kujuragiza no gutera ubwoba abanyamerika kugira bahindure ivyiyumviro mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020.

Amazina yabo ni Mohammad Hosein Musa Kazemi, w’imyaka 24, na Sajjad Kashian, w’imyaka 27.

Haruhande y’abo, ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika na bwo bwatangaje ibihano kuri abo bagabo babiri nyene hamwe n’abandi batatu bakorera kompanyi ry’itumatumanako, Emennet Pasargad.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko Kazemi na Kashian bashoboye kuronka amakuru y’ibanga ajanye no gutora bongera barungika ubutumwa bw’iterabwoba bakoresheje email, barungika amakuru y’ibinyoma ku banyamerika bo mu migambwe y’abarepublikani n’abademokrate bariko bitegura kuja mu matora. Bagirizwa kandi ko bagerageje kwinjira mu masite ya interineti y’amatora y’amareta kugira bayahungabanye ariko birabananira.

Sentare ya reta ya New York ibagiriza ivyaha vy’ubusuma hakoresheje ordinateri hamwe no kugerageza gutera ubwoba abitabira amatora.

Bashobora kuzohanishwa umunyororo uva ku mwaka umwe gushika ku myaka 10.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG