Uko wahagera

Igorofa Yasenyutse muri Turukiya Yahitanye Abarenga 10


Igorofa yasenyutse muri Turukiya

Inyubakwa y’amagorofa abiri agerekeranyeko yari yuzuyemwo abaguzi hamwe n’abariko barivuna umusase yasenyutse mu buseruko bwa Turukiya kuri uyu wa kabiri, ibibomoke vyayo bihamba abantu bashika 10.

Iri sanganya ryabereye kw’ibarabara ricako abantu benshi mu gisagara ca Malatya, mu gihe abantu bari buzuye amaduka bagura utwo batahana mu mihana yabo aho bariko barataha bavuye ku buzi.

Umukuru w’ico gisagara, Osman Guder yabwiye ibimenyeshamakuru ko abantu bari hagati ya 20 na 25 bakekwa kuba bakiri munsi y’ivyo bibomoke.

Turukiya izwi kandi ko yagize ivyago bitari bike muri kahise harimwo imiriro yo mw’ishamba hamwe n’imyuzure y’amazi y’imvura ibiri vyatwaye ubuzima bw’abantu hafi 100 muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG