Abasirikare b'igihugu ca Portugal bari mu nteko z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bikekwa ko binjije mu gihugu amabuye y'agaciro basahuye muri Republika ya Centrafrika
Igipolisi muri Portugal casatse mu bibanza bitari bike mu gihugu uno musi ku wa mbere. Ni inyuma yuko gihawe amakuru avuga ko abasirikare b’ico gihugu bari mu nteko za ONU muri Afrika bashobora kuba binjije mu buryo butarekuriwe n’amategeko ku butaka bw’akarere k’i Bulaya amabuye y’agaciro ya diyama, ibiyayuramutwe n’inzahabu bivuye muri Afrika.
Abo basirikare bikekwa ko binjije ku butaka bw’Ubulaya ayo mabuye y’agaciro n’ibiyayuramutwe bakoresheje indege zitwara imizigo zigira ingendo hagati ya Republika ya Centrafrika na Portugal, nkuko bitangazwa n’ibiro vy’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Portugal.
Inyuma yuko abategetsi bajejwe ubutungane muri Portugal baronse ayo makuru, itohoza ryaciye ritangura.
Igipolisi kivuga ko abapolisi barenga 300 bagize uruhara mu gikorwa c’uguhiga imirwi y’inkozi z’ikibi ikorera mu bice bitandukanye vyo kw’isi.
Abapolisi barasatse mu bice 100, vyinshi muri vyo amazu y’abantu, bakaba bashikirije imitahe y’uguhagarika abantu 10.
Igisirikare carongereje igikorwa c’ugusuzuma indege za gisirikare zivuye muri Republika ya Centrafrika.
Inteko zidasanzwe ibihumbi n’ibihumbi z’igihugu ca Portugal zararungitswe mu nteko z’ishirahamwe ONU muri Republika ya Centrafrika mu myaka ya vuba. (AP)
Facebook Forum