Uko wahagera

Abaguye mw’Isanganya ry’Inyubakwa i Lagos Bageze kuri 42


Abatabara bariko barafasha kurokora abasenyukiweko n'inzu yariko irubakwa i Lagos, muri Nijeriya, kw'itariki ya 1/11/2021.
Abatabara bariko barafasha kurokora abasenyukiweko n'inzu yariko irubakwa i Lagos, muri Nijeriya, kw'itariki ya 1/11/2021.

Muri Nijeriya, igitigiri c’abaguye mw’isanganya ry’inyubakwa yasenyutse ku musi wa mbere w’indwi iheze mu gisagara ca Lagos kigeze kuri 42, mu gihe abarokotse bageze kuri 15, nkuko abategetsi babitangaje.

Icatumye iyo nyubakwa isenyuka gushika ubu ntikiramenyekana, ariko gusenyuka kw’amagorofa biramenyerewe i Lagos, igisagara kibamwo hafi imiliyoni 20 z’abantu.

Iyo nyubakwa y’amagorofa 21 yasenyutse ku musi wa mbere. Igitigiri nyakuri c’abantu bari muri yo igihe yasenyuka, ntikizwi, yamara abakozi bahakorera bibaza ko boba bashika 100. Ivyo bivuga ko abantu 55 gushika ubu, bataratorwa.

Buramatari wa Lagos yavuze ko hashizwe ku ruhande amafaranga yo gufasha imiryango gupfuba ababo no gufasha abarokotse. Yavuze ko utwigoro two kurokora abandi tukibandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG