Uko wahagera

Papa mu Rugendo rwo Gusubiza Hamwe n'Abasangwabutaka muri Canada


Papa Fransisiko
Papa Fransisiko

Umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Fransisiko azogendera Canada, mu rugendo rutumbereye kwongera gusubiza hamwe n’abasangwabutaka bo muri ico gihugu. Ni inyuma y’ubwicanyi ku mashure yegukira Katolika muri Canada bwagirijwe iyo Ekleziya nyene. Abategetsi ba Vatikano babishikirije kuri uyu wa gatatu, ariko bavuga ko itariki urwo rugendo ruzoberako izotangazwa mu bihe biri imbere.

Ekleziya Katolika muri Canada mu kwezi kw’icenda yarasavye imbabazi abasangwabutaka bo muri ico gihugu ku mabi n’ubwicanyi yakoze mu kiringo c’ikinyejana ku banyeshure b’abasangwabutaka baba mu mashure y'indaro.

Imva zirenga 1200 zaratowe mu bibanza bitatu aho abana b’abasangwabutaka bahimirizwa ku nguvu kuja mu mashure no kwicwa, kandi n’ibindi bibanza abandi bahambwemwo biracaronderwa.

Papa ico gihe yaragaragaje umubabaro yumvise ivyabaye ariko ntarasaba imbabazi abakuru b’abo basangwabutaka gushika ubu bakirindiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG