Abandi bapfasoni n'abigeme batangaje ko bafashwe ku nguvu n'abakozi b'amashirahamwe y'abagiraneza mu gihe c'ikiza ca Ebola muri Republika ya demokrasi ya Congo.
Ivyo bibaye inyuma ya raporo ku marorerwa ajanye n’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu muri Congo yashizwe ahabona mu kwezi guheze. Abakozi 83 b’amashirahamwe y’abagiraneza, ica kane muri bo bakorera ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS baragize uruhara mu gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu hamwe n’ayandi mabi afatiye ku gitsina mu gihe c’ikiza ca Ebola muri Congo.
Iyo nkuru yatangajwe n’umurwi wigenga ujejwe itohoza mu kwezi guheze. Ishirahamwe OMS rimenyesha ko abandi bapfasoni n’abigeme bagiye ahabona bakavuga amabi afatiye ku gitsina bakorewe n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza ico gihe. Nta gitigiri cabo ryatangaje kubera ari ikibazo kiri mw’ibanga.
Iryo shirahamwe ririko rigerageza gufata ingingo zizotuma risubira kwizigirwa. Ayo marorerwa y’abapfasoni n’abigeme bafatwa ku nguvu kabaye akaryo k’amashirahamwe y’abagiraneza ko kwikebuka mu kubona ko ari ibintu bitagenda neza muri yo.
Ishirahamwe OMS riza ryarirukanye abakozi 4 baryo bagaragaye ko bakoze ayo mabi. (Reuters)
Facebook Forum