Uko wahagera

Abantu 11 Bahitanywe n'Igitero c'Iterabwoba muri Iraki


Abantu bashika 11 bishwe kuri uyu wa kabiri mu gitero cabereye mu mihana y’abanyagihugu mu buraruko bwa Iraki, igitero cegekwa ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, nkuko amakuru ava mu bajejwe umutekano abivuga.

Iki gitero cagabwe i Al-Rashad mu ntara ya Diyala cakomerekeje kandi abantu 13.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wararwanye kugira ugenzure ibice bitari bike muri Iraki na Siriya mu 2014, ariko waruhiye kuneshwa. Iraki yatangaje ko yawutsinze mu 2017, wongera utsindwa muri Siriya mu 2019.

Ariko abo bajihadiste baracatera ubwoba mu kugaba ibitero.

Raporo ya ONU yasohowe mu ntango z’uyu mwaka igereranya ko abarwanyi ba ISIS bagereranywa hafi 10.000 bagiteye intambamyi muri Iraki na Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG