Uko wahagera

ISIS na Al Qaida Ishobora Kutazoteba Gutera Amerika n'Uburengero


Ahabaye igitero c'iterabwoba mu musigiti i Kunduz mu burenngero bwa Afuganistani

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko imihari y’iterabwoba Islamic State Khorasan, muri Afuganistani uzwi kandi nka ISIS-K hamwe na al-Qaida ishobora kuzotera Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vuba kuruta uko vyari vyariyumviriwe ubwa mbere, inyuma y’aho Amerika ikuriye abasirikare muri Afuganistani.

Umwunganirizi w’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika ajejwe ivya poritike, Colin Kahl, kuri uyu wa kabiri yabwiye komite ya Sena ikurikirana ivya gisirikare ko umuhari w’iterabwoba ISIS-K, uriko urakora mu buryo bwihuta kugira ugabe igitero hanze ya Afuganistani hagati y’amezi atandatu n’umwaka. Yavuze kandi ko na al-Qaida bishobora kuzoyifata umwaka canke ibiri icisuganya.

Abategetsi hamwe n’abasesenguzi bavuze ko umuhari w’iterabwoba IS Khorasan wari waramaze kwisuganya mu kinyegero muri Afuganistani no mu bihugu bibanyi mu mezi imbere y’uko Amerika iva muri Afuganistani.

Abandi bategetsi ba Amerika ubu bagereranya ko uwo muhari w’iterabwoba IS Khorasan ufise hafi abarwanyi 2000 mu tugwi dukwirakwiye muri Afuganistani, ariko amwe mu maperereza y’abanyamahanga yibaza ko ico gitigiri gishobora kuba kirenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG