Uko wahagera

Amerika Yiyemeza Kubohoza Abamisiyoneri Banyururijwe muri Haiti


Abanyagihugu bo muri Haiti mu myiyerekano basaba irekurwa ry'Abamisiyoneri b'abanyamerika banyurujwe. Port-au-Prince, Haiti, kw'itariki 19/10/2021

Reta zunze ubumwe za Amerika izokora ibishoboka vyose kugira ibohoze abamisiyoneria b’abanyamerika na Canada banyururijwe muri Haiti. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yabivuze kuri uyu wa kabiri.

Yavuze ko ubushikiranganji arongoye buriko burakorana na reta ya Haiti n’ibiro vy’inyamiramabi FBI kuri uko kunyuruza abo bamisiyoneri 17, kandi ababanyuruje bariko basabwa umuriyoni umwe w’amadolari kuri umwe umwe kugira barekurwe.

Imigwi y’intagondwa ni yo isigaye igenzura igice kinini c’umurwa mukuru Port-au-Prince, wabaye urubuga rw’uruhagarara rwa poritike hamwe no kwica Perezida Jovenel Moise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG