Uko wahagera

Haiti: Abavugabutumwa 17 b'Abanyamerika Banyurujwe


Ahakorera Ubuserukizi bw'Amerika muri Haiti
Ahakorera Ubuserukizi bw'Amerika muri Haiti

Abavugabutumwa b’abanyamerika n’imiburiburi 17 n’imiryango yabo banyurujwe n’abagizi ba nabi muri Haiti. Ikinyamakuru, The New York Times, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru kivuga ko mu banyurujwe harimwo abana.

The New York Times ivuga ko amakuru ivana mu bajejwe intwaro yemeza ko abanyurujwe banyururijwe ku murwa mukuru wa Haiti, Port-au-Prince, bavuye mw’irerero ry’abana b’imfuvyi. Bavanywe mu modoka yo mu bwoko bwa bus barimwo. Mu banyurujwe, harimwo n'abana.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwabwiye Ijwi ry’Amerika ko buriko bubikurikiranira hagufi. Ubuserukizi bw’Amerika muri Haiti bwo bwirinze kugira ico buvuga. Ishengero abavugabutumwa begukira ntiriramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG