Abakuru b’amasendika y’abakozi muri Zimbabwe ntibanezerezwa n’ingingo yatangajwe na reta kuri uyu w’Imana ko abakozi batariteza incanco za COVID-19 zisabwa batazokwemererwa gusubira gukora kandi batazohembwa. Ibi bibonwa nka kimwe mu twigoro two guhatira abagikekeranya kwiteza urucanco muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.
Ndabaningi Nick Mangwana, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Zimbabwe, yavuze ko abakozi batazovyubahiriza batazokwemererwa kwitabira akazi kuri uyu wa mbere.
Abigisha, bagize igitigiri kinini c’abakozi ba reta muri Zimbabwe, bavuze ku musi wa gatanu ko iyo ngingo ya reta itumvikanyweko, nkuko umukuru wa sendika y’abigisha, Takavafira Zhou yabivuze.
Reta ya Zimbabwe ivuga ko abanyagihugu bamaze guterwa doze zisabwa bangana 2.472.859, kuva iryo sekeza rigitangura mu kwezi kwa kabiri.
Zhou asaba ko abakozi ba reta bakwiye kubandanya baja ku kazi mu gihe amasendika akiriko ariyumvira kwitwara muri sentare kuri iyo ngingo ya reta.
Zimbabwe ubu igaragara ko imaze kuronka abantu 132.333 bamaze kwemezwa ko banduye Covid-19 hamwe n’4.657 uwo mugera umaze guhitana. Ibi bitangazwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ikurikiranira hafi ivy’abandura n’abahitanwa n’uwo mugera. (VOA)
Facebook Forum