Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje kuri uyu wa gatatu ko izokwugurura imbibe zo ku butaka ku ruhande rwa Canada na Mexique kuva mu kwezi kuza, ku ngenzi zafashe incanco zose zisabwa.
Izo mbibe zugawe ku modokari, amatereni n’amato mu biyaga kuva mu kwezi kwa gatatu 2020 kubera ikiza ca COVID-19. Abatari begwa n’iyo ngingo ni abatwara ibidandazwa.
Iri yugururwa ry’imbibe ku bakora ingendo bajabuka imipaka yo ku butaka ritangajwe haheze hafi ukwezi reta ya Perezida Joe Biden itangaje ko izoreka abanyamahanga biteje doze zose z’urucanco kuva mu kwezi kuza. Itariki nyezina iyo ngingo izoshirwa mu ngiro ntiramenyeshwa, ariko abategetsi bavuze ko bishoboka kuba mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe.
Reta ya Biden yamye iremerwa n’abashingamateka b’Amerika, Canada na Mexique, basaba ko ingingo yo kwugara imbibe ikurwaho. Iyi ngingo yatumye imiryango itandukana kandi na Reta zunze ubumwe z’Amerika irahahombera amamiriyoni y’amadolari yahora azanwa na bamukerarugendo. (AP, Reuters)
Facebook Forum