Uko wahagera

Uwitwaje Umuheto n'Imyampi Yishe Abatari Bake muri Norvege


Ahiciwe abo bantu i Kongsberg muri Norvege

Umugabo yitwaje umuheto n’imyampi yishe abantu batari bake yongera akomeretsa abandi kuri uyu wa gatatu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Norvege. Igiporisi nticashikirije igitigiri c’abishwe ariko cavuze ko uwukekwa gukora ubwo bubisha yafashwe.

Imvo yatumye yica abo bantu, mu duce dutandukanye mu gisagara ca Kongsberg, muma sa kumi na zibiri z’umugoroba, mu masaha ya Norvege ntiramenyekana.

Ibimenyeshamakuru vyatangaje kandi ko uwo mugabo yari afise kandi n’imbugita canke ibindi birwanisho.

Ibitero nk’ibi ntibimenyerewe muri Norvege, ariko abajejwe umutekano baramaze gutesha ibitari bike vyari vyateguwe n’abajihadiste. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG