Uko wahagera

15 Banyurujwe n'Abajihadiste muri Nijeriya Barashoboye Gutoroka


Taron Matan Borno
Taron Matan Borno

Abagore batandatu hamwe n’abana icenda bo mu miryango y’abakristu bari baranyurujwe n’abajihadiste mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya baratorotse bava mu vyara vy’abari babatwaye. Abategetsi bavuze kuri uyu wa mbere ko abo bantu bakoze urugendo rw’imisi itandatu mw’ishamba bahunga.

Abo bantu 15 bafashwe uburyo butandukanye bakuwe mu mihana y’i Takulashi muri reta ya Borno mu karere ka Chibok haraheze amezi atari make. Chibok ni ho Boko Haram yatwaye mu 2014 abanyeshure barenga 200 b’abakobwa.

Abanyuruje abo bagore n’abana ntibaramenyekana, ariko akarere bafatiwemwo kazwi ko karimwo abarwanyi bo mu muhari ISWAP, biyonkoye kuri Boko Haram mu 2016.

Boko Haram na ISWAP izwi ko ari imihari y’iterabwoba izwi mu bubisha bwo kunyuruza abagore. Bamaze imyaka 12 mu ntambara imaze guhitana abantu barenga 40.000 n’abashika imiriyoni zibiri bahunze ingo zabo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG