Uko wahagera

Ubufaransa Bwatsindiye Igikombe ca UEFA 2021


Ikipe y'Ubufaransa Itahukanye Igikombe ca UEFA 2021
Ikipe y'Ubufaransa Itahukanye Igikombe ca UEFA 2021

Mu mupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya,Ubufaransa ni bwo bwaraye butahukanye intsinzi mu rukino rw’ihiganwa rya UEFA Champions League, rihuza ibihugu bikomeye ku mugabane wa Bulaya, mu gutsinda Esipanye 2-1 i Milan mu Butaliyano.

Igitsindo ca kabiri catumye Ubufaransa butahukana intsinzi cinjijwe na Kylian Mbappe hasigaye iminota 10 ngo urukino rurangire. Ica mbere c’Ubufaransa cinjijwe na Karim Benzema, inyuma y’iminota 2 Mikel Oyarzabal yinjirije Esupanye igitsindo ca mbere ari naco conyene ico gihugu catsinze ku munota wa 64.

Iyi ntsinzi y’Ubufaransa, ibugabanirije umubabaro bwari bumaranye umwaka kuva igihe mu 2020 bukuriwe muri iryo higanwa mu ntango yaryo mu gutsindwa n’Ubusuwisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG