Uko wahagera

COVID-19: OMS mw'Ihangiro ryo Gucandaga 40 % mu Mpera za 2021


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres hamwe n'umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres hamwe n'umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’umuyobozi mukuru wa OMS batanguje umugambi kuri uyu wa kane w’uko ibice 40 kw’ijana vy’abantu kw’isi bazoba bahawe urucanco rukingira COVID-19 gushika mu mpera z’uyu mwaka. Uyu mugambi kandi wipfuza ko abantu bangana 70 kw’ijana boba baramaze gucandagwa hagati mu mwaka wa 2022.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko doze imiriyaridi 6 n’imiriyoni 500 zimaze guhabwa abantu kw’isi. Yavuze kandi ko izindi imiriyaridi zitanu zikenewe kugira ibice 70 kw’ijana bitumbereweko bishikweko.

Ihangiro rya mbere rya OMS ryo kuzoba hacandazwe 10 kw’ijana vy’abantu muri buri gihugu mu mpera z’ukwezi kw’icenda ntiryashitsweko. Ibihugu 56, bigizwe ahanini n’ivya Afrika n’ubuseruko bwo hagati ntivyarishitseko.

ONU na OMS basaba amasosiyete akora incanco gusangiza ibindi bihugu ubuhinga n’uburenganzira bwo kuzikora kugira bifashe kwongereza ibitigiri vy’incanco.

Gushika ubu, abantu 236.067.000 ni bo bamaze kwandura COVID-19 kw’isi hamwe n’abashika imiriyoni 4 n’ibihumbi 800 umaze guhitana, nkuko bivugwa na kaminuza yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Johns Hopkins, ikurikirana ku musi ku musi abandura n’abicwa n’uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG