Imbuga ngurukana bumenyi zirimwo Facebook n'izindi zikorana na yo nka WhatsApp na Instagram ntizigaragara. Abantu benshi baba kw'isi bahuye n'ikibazo co guhererekanya amakuru n'ababo kubera ico kibazo catanguye kwumvikana ahagana sa kumi n'imwe n'igice mu Rwanda no mu Burundi.
Sosiyete Facebook igenzura izo mbuga zose yashikirike kuri Twitter ko yasavye imbabazi abanywanyi b’izo mbuga, ivuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira basubize ibintu mu buryo.
Imbere y’aho, ikimenyeshamakuru candikira muri Reta zunze ubumwe za Amerika, The Wall Street Journal canditse kivuga ko ikompanyi Facebook izi inkurikizi mbi z’ivyashikiye urubuga rwayo ariko ata kiboneka yakoze kugira ibihagarike. Televiziyo CBS y'aha muri Amerika, na yo nyene ku musi w’Imana yaratangaje ikiganiro yagiranye n’uwatanguye kugabisha kuri ico kibazo, Frances Haugen, aho yashikirije umubabaro wiwe ku vyashikiye urwo rubuga.
Vyitezwe ko Haugen azobazwa ivyo azi kuri ico kibazo na Sena ya Amerika kuri uyu wa kabiri. Facebook ivuga ko ivyo vyagiriji bigamije kujuragiza abantu. (AP)
Facebook Forum