Uko wahagera

Prezida Ramaphosa Ashaka Gusubira Kwugurura Ubutunzi bw'Igihugu


Prezida wa Afrika y'epfo,Cyril Ramaphosa
Prezida wa Afrika y'epfo,Cyril Ramaphosa

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yaroroheje ingingo zigenewe kurwanya ikiza ca Covid-19 gushika ku rugero rwo hasi cane.

Bubaye ubugira kabiri muri uku kwezi ingingo zigenewe kurwanya Covid-19 zoroshwa mu gihe igihugu kiriko kirondera kwugurura ubutunzi bwaco imbere y’ikiringo c’uburuhuko co muci.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Prezida Ramaphosa yatangaje ko igihugu ciwe cavuye ku rugero rwa 5 ruri hejuru cane kimanuka ku rugero rwa 1 ku bijanye n’izo ngingo z’ukurwanya Covid-19.

Ni mu gihe Afrika y’epfo iriko iva mu ncuro yayo ya gatatu y’ibitigiri vyinshi vy’abanduye cane cane ubwoko bwa Delta.

Umukwabu warorohejwe. Muri iki gihe uri hagati y’isaha zitandatu zo mw’ijoro gushika isaha cumi zo mw’ijoro. Prezida Ramaphosa yatangaje ko abantu barekuriwe gukoranira hamwe hanze bazoshika kau 2,000 bavuye ku 500, mu gihe igitigiri c’abantu bazorekurirwa ku maziko gishohora kuzokwiyongera incuro zibiri mu gushika kw’ijana.

Yamara mu gihe amatora y’inzego zo hasi ategekanijwe kuba kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi na rimwe, Ramaphosa yasavye abanyagihugu kwicandagisha kugira ibitigiri vy’abandura Covid-19 ntibisubire kwiyongera.

Amenyesha ko ibikorwa vy’ukwiyamamaza bishobora gutuma ibitigiri vy’abantu bashasha bandura Covid-19 vyiyongera. Yavuze ko hamwe Afrika y’epfo yoshika ku vyo yishinze vy’ugucandaga ibice 70 kw’ijana vy’abantu bakuze mu kwezi kw’icumi na kabiri, boshobora gukiza ubuzima bw’abantu 20,000. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG