Uko wahagera

Abantu Indwi Bafasha Hezbollah Bafatiwe Ibihano


Umuyobozi mukuru w'umurwi Hezbollah muri Libani, Sayyed Hassan Nasrallah
Umuyobozi mukuru w'umurwi Hezbollah muri Libani, Sayyed Hassan Nasrallah

Reta zunze ubumwe za Ameriika na Qatar vyafatiye ibihano abantu 7 kubera bafasha umurwi Hezbollah mu kigobe c’abarabu.

Ubushikiranganji bujejwe ikigega bwa Amerika bwatangaje ku musi wa gatatu ko abanyakatari Ali Reda al-Banai, Ali Reda al-Qassabi Larin a Abd al-Muayyid al-Banaiare bari muri abo bantu 7 bwashize ku rutonde rw’abagira iterabwoba kubera bashigikiye umurwi Hezbollah mu kuwuha amafranga canke ubundi buryo.

Andrea Gacki, umutegetsi wo mu bushikiranganji bujejwe ikigega bwa Amerika, yagirije umurwi Hezbollah ko ugerageza gukoresha inzego mpuzamakungu z’amafranga mu kwifashisha abanyemari bashigikiye ibikorwa vyawo vy’iterabwoba.

Avuga ko, kubera ayo mayeri uwo muhari ukoresha kugira uronke amafranga y’ugukora ibikorwa vy’ububisha, kubandanya gukorera hamwe n’amareta y’ibihugu basanzwe bakorana nka Reta ya Qatar bifise akamaro kanini cane kugira bikingire inzego za Amerika n’inzego mpuzamakungu z’amafranga ntizikoreshwe mu buryo bugenewe iterabwoba.

Ubushikiranganji bujejwe ikigega bwa Amerika bwamenyesheje ko ibihano bwafatiye abantu 7 bafasha umurwi Hezbollah bizotuma amatungo abo bantu bafise muri Amerika afatwa, abanyamerika nabo baziririzwa gukorana nabo mu bijanye n’ubudandaji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG