Uko wahagera

OMS Isabwa Guhangana n'amabi Akorerwa Abapfasoni n'Abigeme


Umuyobozi çukuru wa OMS,Tedros Adhanom Ghebreyesus
Umuyobozi çukuru wa OMS,Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ubufransa busaba umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus gushira mu ngiro umuhango wiwe w’ukurwanya amabi afatiye ku gitsina akorerwa abapfasoni n’abigeme.

Ni inyuma yuko umurwi wigenga w’abagira itohoza usanze abakozi b’iryo shirahamwe bagirizwa ayo mabi mu gihe bariko barwanya ikiza ca Ebola muri Republika ya demokrasi ya Congo.

Raporo y’uwo murwi washizweho n’ishirahamwe OMS yatangaje ku musi wa kabiri ko basanze abantu barenga 80 bagirizwa ko bakoreye amabi afatiye ku gitsina abapfasoni n’abigeme, mu gihe wemeje ko abantu 21 muribo bakorera OMS igihe ikiza ca Ebola caduka muri Congo. Malick Coulibaly, ari mu murwi wasohoye iyo raporo, avuga ko itohoza bakoze ryasanze habaye ubwoko bw’ivyagirizo icenda vy’ugufata abapfasosni n’abigeme ku nguvu

Akamo katewe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa k’uko Ghebreyesus afata ingingo mu kiringo c’imisi cumi kabaye musi y’indwi imwe inyuma yuko ubufransa, Ubudagi n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya bitangaje ko vyamugenye ku bijanye n’ikiringo ciwe kigira kabiri c’imyaka itanu mu mabanga yiwe. Ubufransa bwiteze ko azoshira mu ngiro ivyo yiyemeje gukora.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yeremeye ko ishirahamwe ayoboye ryananiwe guhangana n’amabi afatiye ku gitsina yakorewe abapfasoni n’abigeme muri kahise.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri, Tedros yaranse kuvuga niba yiyumvira gutanga imihoho bifatiye ku mabi yakorewe abapfasosoni n’abigeme muri Congo.

Yarasavye imbabazi ku musi wa kabiri abageramiwe n’ayo mabi muri ico gihugu. Yamenyesheje ko ivyabaye atawovyihanganira. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG