Uko wahagera

Alexey Navalny Ashobora Kuzofungwa Iyindi Myaka 10 Ku Bindi Vyaha


Alexey Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya
Alexey Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya

Alexey Navalny atavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burusiya kandi ari mw’ibohero, ariko aratohozwako ku bindi vyaha bishobora kuzotuma yongerezwa iyindi myaka 10 mw’ibohero.

Iryo tohoza ryatangujwe kuri uyu wa kabiri n’umugwi wa reta y’Uburusiya ujejwe amatohoza, wagiriza Navalny kuba yarashinze akagwi k’intagondwa gatumbereye guhindura imishinge y’ingene ibwirizwa shingiro ry’Uburusiya ryubatse, nkuko vyashikirijwe n’uwo mugwi.

Abakora amatohoza bagiriza kandi Navalny hamwe n’abo bafatanije kuba barashizeho konte zo mu buhinga bwa none bwo guhanahana amakuru zo kwamamaza fondasiyo yiwe yo kurwanya ibiturire. Ibi ngo bigamije gushigikira ubugizi bwa nabi.

Iri tohoza ryuguruwe inyuma y’aho umugambwe wa Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, utsindiye amatora y’abashingamateka mu ntango z’uku kwezi. Abafatanije na Navalny barankiwe kwitoza muri ayo matora, kandi mu ndwi iheze, Navalny, yanditse ubutumwa bugufi avuga ko ayo matora yibwe.

Navalny, w’myaka 45, ari mu munyororo w’imyaka ibiri n’igice, igifungo amakungu avuga ko gifise intumbero za poritike. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG