Uko wahagera

FBI: Abashika Ibihumbi 18 Barishwe muri Amerika mu 2020


Abaporisi b'i New York police bari aharasiwe abantu 4 i Brooklyn, kw'itariki ya 12/10/2021

Ibiro vy’inyamiramabi muri Reta zunze ubumwe za Amerika, FBI, vyavuze kuri uyu wa mbere ko ubwicanyi mu kibano bwiyongereye ku bice 30 kw’ijana mu mwaka uheze, ugereranije n’umwaka wa 2019.

Raporo yayo ya buri mwaka ku bwicanyi bukorwa muri Amerika, FBI ivuga ko hafi abantu bashika ibihumbi 18 bishwe mu mwaka uheze. FBI ivuga abishwe barashwe barenga bibiri vya gatatu.

FBI, ikigo kijejwe amatohoza cavuze ko ubugizi bwa nabi bushingiye ku matungo bwarenze imiriyoni 6 n’ibihumbi 400, kandi bwagabanutse ku bice 7.8 kw’ijana kuva mu mwaka uheze.

Muri rusangi ivyononekaye kubera ubwo bugizi bwa nabi bigereranywa n’imiriyaridi 17.5 mu mwaka wa 2020, nkuko iyo raporo ivuga. Ibigo bijejwe kubahiriza amategeko vyahagaritse abantu imiriyoni 7 n’ibihumbi 600 muri Amerika yose mu mwaka uheze, hatarimwo abarenze ku mategeko yo mw’ibarabara.(VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG