Uko wahagera

Abasivile Hafi 37 Barishwe mu Buraruko bwa Nijeriya


Kaduna-state-Nigeria
Kaduna-state-Nigeria

Abasivile batari musi ya 37 barishwe mu buraruko bwa Nijeriya mu gitero cakozwe mu mihana yo muri ako karere ku musi w'Imana, nkuko bitangazwa n'ababonye ivyabaye.

Ico gitero cabereye mu karere kitwa Kaura muri Reta ya Kaduna. Ababa muri ako karere n’abakozi mu gisata c’amagara y’abantu bakorera mu bitaro vyaho hamwe n’abakomeretse bavuga ko abagikoze bashitse ari benshi mu mihana y’ahitwa Madamai bafise inkoho n’imipanga ku musi w’Imana ku muhingamo.

Abakomeretse batwawe mu bitaro biri muri Reta ya Plateau biri hafi y’ibilometero 115 y’ahabereye igitero co ku musi w’Imana.

Sunday Eze, ari mu bazanywe muri ivyo bitaro yarusimvye inyuma yuko arashwe n’abakoze igitero co ku musi w’Imana, avuga ko bamurashe ku kuboko. Abajijwe uko abakoze ico gitero bangana, yatangaje ko bari benshi cane.

Cecilia Simon, ariko akwirikirana ukugene abakomeretse bariko baritabwaho, avuga ko abakoze igitero co ku musi w’Imana bari aborozi bo mu bwoko bw’abafulani bamaze imyaka itari mike batana mu mitwe n’abakristu baba mu bumanuko bwa Reta ya Kaduna. Avuga ko abajanywe mu bitaro bari bafise ibikomere vy’amasasu n’imipanga.

Mu gihe inteko zijejwe umutekano ziba zirungitswe aho ubwicanyi buba buriko burabera kenshi zirahava igihe ibikorwa vyazo biba birangiye. Ivyo bikaba bituma umutekano muke ubandanya kuharangwa inyuma yuko zihavuye. Ni gake abantu bahagarikwa. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG