Uko wahagera

OMS: Uburayi Bushigikiye ko Tedros Atwara Manda ya Kabiri


Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abamenyeshamakuru
Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Ibihugu hafi 20 vyo mu bumwe bwa buraya vyahisemwo gushigikira Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiringo kigira kabiri nk’umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS.

Ubudagi bwatangaje ku musi wa gatatu ko bwahisemwo Tedros, asa n’umukandida wenyene ariko yitoreza ico kibanza. Ibindi bihugu vya Buraya vyakurikiye Ubudagi bishigikira uwo munyetiyopiya yigeze kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu n’uw’imigenderanire n’ayandi makungu. Aya makuru ava muba diplomate yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

OMS izokwugurura amabahasha y’abatoye imbere y’itariki ya mbere y’ukwezi kw’icumi.

Mu 2017, Tedros yabaye umunyafrika wa mbere yashitse ku burongozi bw’ico kigo gikomeye ca ONU. Uwo mugabo w’imyaka 56 yararwanye urugamba rukomeye kuva hagitera ikiza ca Covid-19, aba umwe mu bagaragaye cane mu kurwanya ico kiza. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG