Uko wahagera

USA: Umwe Yishwe, 12 Barakomereka Barashwe muri Tennessee


Aharasiwe abantu i Collierville muri Tennessee

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igiporisi cavuze ko umuntu umwe yishwe arashwe kuri uyu wa kane, abandi 12 barakomereka, mw’isoko ry’ibifungurwa mu micungararo y’igisagara ca Memphis, muri reta ya Tennessee, mu bumanuko bw’igihugu.

Umukuru w’igiporisi mu gasagara ka Collierville, Dale Lane, yavuze ko n’uwarashe abo bantu basanze yapfuye. Imyidondoro yiwe hamwe n’abarashwe ntiratangazwa.

Lane yavuze ko abakora amatohoza batanguye igikorwa cabo kandi ko bishobora guteba gato kumenya ivyabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG