Uko wahagera

USA: Amatungo ya Teodoro Nguema Azofashishwa Guinee Equatorial


Teodoro Nguema Obiang Mangue, yahoze ari icegera ca perezida muri Gineya Equatorial

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Reta zunze ubumwe za Amerika buvuga ko buzokoresha amafaranga yavuye mu matungo yafashwe ya Teodoro Nguema Obiang Mangue, yahoze ari icegera ca perezida muri Gineya Equatorial. Ubwo bushikiranganji bwavuze ko ubwo butunzi yabukuye mu biturire n’ubunyonyezi.

Amafaranga ashika imiriyoni 19 n’ibihumbi 250 vy’amadolari azorungikwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugura incanco za COVID-19 zizorungikwa muri Gineya Equatorial. Ayandi arenga imiriyoni 6 z’amadolari azoriha imiti n’ibikoresho vyo kwa muganga bizorungikwa gufasha mu mavuriro muri ico gihugu nyene.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona, ubushikiranganji bw’ubutungane bwavuze ko Obiang yakoresheje igihagararo ciwe nk’umushikiranganji w’uburimyi n’amashamba mu 2011. Yihagiye amamiliyoni y’amadolari yakuye mu biturire, mu guca kubiri n’amategeko ya Amerika n’aya Gineya Equatorial.

Obiang asanzwe yaraciriwe urubanza mu Bufaransa ku kuba yaraguze ibintu vy’agaciro vyavuye mu mafaranga ataciye mu mategeko. Yaciriwe gufungwa imyaka itatu n’ihadabu y’imiliyoni 35 z’amadolari.

Gineya Equatorial ni igihugu gitunze ibitoro, ariko abanyagihugu baco nka bose, umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana ane babayeho mu bukene (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG