Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu, Amnesty International rivuga ko urwo rubanza rwarenze amategeko ajanye n’imanza.
Amnesty International rivuga ko habaye ukurenga ku mategeko akatari gake, imbere y’isomwa ry’ingingo y’ubucamanza yo gukatira Paul Rusesabagina, atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda, igifungo c’imyaka 25.
Paul Rusesabagina, yagirijwe ivyaha vy’iterabwoba kandi yaciriwe umunyororo w’imyaka 25 i Kigali ku murwa mukuru w’U Rwanda kuri uyu wa mbere.
Amnesty ivuga ko yihweje isanga harabaye ukutubahiriza ibijanye n’umuco kuri ico kibazo, harimwo n’uburyo Rusesabagina yafashwe agatwarwa mu Rwanda hatisunzwe amategeko, ukunyuruzwa hamwe no gufungwa ashikanywe mu Rwanda.
Sarah Jackson, icegera c’umuyobozi wa Amnesty International mu ntara ya Afrika y’ubuseruko, ihembe rya Afrika n’ibiyaba binini, avuga ko uku gukora ibi vyose bidaciye mu muco bibwirizwa guhindurwa. Yavuze kandi ko abishwe n’abacitse kw’icumu mu bitero vyegekwa ku muhari FLN, ivyo Rusesabagina n’abandi bagirizwa kugiramwo uruhara, na bo bakwiriye guhabwa ubutungane.
Amnesty International iravuga ibindi vyarenzweko mu gukurikiza urubanza ruciye mu muco, nko kwima Rusesabagina uburenganzira bwo kwihitiramwo umushingwamanza amuburanira. Harimwo kandi n’uko abategetsi b’ibohero bamwimye dosiye irimwo ivyo yagirizwa, ko ivyo vyari bihagije kugira ntafungwe atakiramwagira.
Facebook Forum