Uko wahagera

U Rwanda Ntiruzitabira Inama n'Ububiligi i New York


Perezida Paul Kagame n'umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi Charles Michel
Perezida Paul Kagame n'umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi Charles Michel

U Rwanda rwahagaritse umubonano wari utegekanijwe hagati yarwo n’Ububiligi ku rwego rw’abashikiranganji i New York, haruhande y’ibikorwa vy’inama ya 76 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Iyi ngingo u Rwanda ruyifashe inyuma y’ivyashikirijwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere akongera akaba umushikiranganji w’imigenderanire w’Ububiligi, ku ngingo ubutungane bw’u Rwanda bwafashe yo gufunga Paul rusesabagina imyaka 25. U Rwanda ruvuga ko ibi vyerekana agasuzuguro k’Ububirigi ku butungane bw’u Rwanda, kuva urwo rubanza rutangura, naho vyagaragaye ko inzego zitandukanye z’Ububirigi zafashije mu matohoza kuri uru rubanza.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere itariki ya 20 n’Ubushikiranganji bw’u Rwanda bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ryavuze ariko ko reta y’u Rwanda iciteguye kuzokwakira icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi akongera akaba n’umushikiranganji w’ubutungane, mu Rwanda igihe azobishakira mu biganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG