Uko wahagera

Mali Yatoye Itegeko Riha Ikigongwe Abakoze Kudeta


Colonel Assimi Goita, arongoye akagwi k'abasirikare bakoze Kudeta
Colonel Assimi Goita, arongoye akagwi k'abasirikare bakoze Kudeta

Inama y’imfatakibanza ishinzwe amategeko muri Mali yatoye iremeza ibwirizwa riha ikigongwe abakoze kudeta zibiri zikurikiranije muri ico gihugu co mu karere ka Sahel. Abategetsi ba reta n’abo inama nshingamateka babivuze kuri uyu wa kane.

Mu kwezi kw’umunani umwaka uheze, abasirikare barongowe na Colonel Assimi Goita barakuye ku butegetsi perezida Ibrahim Boubacar Keita, inyuma y’indwi abanyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza reta.

Inyuma yo kuremerwa n’amakungu, igisirikare caciye gisubiza ubutegetsi reta mfatakibanza irongowe n’abasivile, yari yasabwe gusubiza Mali ku burongozi bw’abasivile.

Ariko Goita yarongeye akora iyindi kudeta, akura perezida w’imfatakibanza, Bah Ndaw mu kwezi kwa kane, aca yitangaza ubwiwe ko ari perezida w’imfatakibanza.

Souleymane De, arongoye komite ijejwe kwemeza amategeko yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko aya mategeko yemejwe asigura ko abagize uruhara muri izo kudeta zibiri batazokurikiranwa n’ubutungane. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG