Uko wahagera

Tanzaniya: Ubushikiranganji bwo Kwivuna Abansi Buramutswa Umukenyezi


Dr. Stergomena Lawrence Tax, igihe yari umuyamabanga nshingwabikorwa wa SADC

Perezida wa mbere w’umukenyezi wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, muri iyi ndwi yaragenye umukenyezi wa mbere mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi. Ni mu rukurikirane rw’igenwa ry’abakenyezi mu bibanza bikomakomeye muri reta.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’abakenyezi arabishima ariko avuga ko hari ibindi bigikenewe gukorwa kugira hagabanywe ikinogo kinini kiri mu buringanire bw’ibitsina.

Uyu mukenyezi Stergomena Lawrence Tax agenwe mw’ihindurwa rigira kabiri rya reta Perezida Hassan amaze gukora kuva asubiriye nyakwigendera, John Magufuli, mu ntango z’uyu mwaka.

Mu muhango wo kumurahiza, Perezida Hassan yavuze ko yabikoze kugira amare amazinda abibaza ko abagore batoshobora gutwara ubwo bushikiranganji.

Igenwa ryiwe rishikanye ku gitigiri c’abakenyezi umunani batwara ubushikiranganji bari muri reta ya Tanzaniya. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG