Uko wahagera

ONU Ibabajwe n'uko Abakenyezi Badaserukiwe muri Reta y'Abatalibani


Abakenyezi bariko baganira ku burenganzira bwabo ku ntwaro y'Abatalibani, i Kabul muri Afuganistani, kw'itariki ya 04/09/2021
Abakenyezi bariko baganira ku burenganzira bwabo ku ntwaro y'Abatalibani, i Kabul muri Afuganistani, kw'itariki ya 04/09/2021

Ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku bakenyezi cavuze ko kibabajwe cane no kubona reta nshasha mfatakibanza y’Abatalibani yashinzwe muri Afuganistani ata n’umugore n’umwe arimwo.

Icegera c’intuma y’ikigo ca ONU ku bakenyezi muri Afuganistani Alison Davidian yagize ati “ni akamaramaza kubona ata n’umwe w’umuti yizewe muri iyo reta. Eka nta n’ubushikiranganji bw’abakenyezi bwashinzwe".

Davidian yavuze ko inani z’abakenyezi muri sosiyete sivile, abaharanira uburenganzira bw’abakenyezi hamwe n’izindi ndongozi bavuze ko bafise ubwoba ko abakenyezi bazohava babuzwa gukora, no gusohoka mu ngo ata muntu w’igitsina gabo abaherekeje.

Uwo mukenyezi asaba amakungu guha uburyo bw’amafaranga amashirahamwe y’abakenyezi ya sosiyete sivile kugira abashe gukingira uburenganzira bwabo.

Abatalibani bazwi ko bahohotera uburenganzira bw’abakenyezi ku butegetsi bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG