Uko wahagera

Inteko za Tigre Zirahakana Amakuru Azagiriza Kwica Abantu muri Amhara


Inteko Zidasanzwe z'i Amhara mu mabarabara yo mu gisagara Humera town, muri Etiyopiya, kw'itariki ya 1/07/2021
Inteko Zidasanzwe z'i Amhara mu mabarabara yo mu gisagara Humera town, muri Etiyopiya, kw'itariki ya 1/07/2021

Abarobeli bo mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya barahakana amakuru yasohotse kuri uyu wa gatatu, abagiriza ko bishe abasivile barenga 100 mu misi ibiri mu ntara ya Amhara.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ryatangaje kuri uyu wa gatatu ko abategetsi b’iyo ntara bavuze ko abasivile 120 bishwe hagati y’amatariki ya 1 n’iya 2 ukwezi kw’icenda.

Abategetsi bo muri ako karere babwiye Reuters ko batoye ibiziga bisa n’ivyo abarimyi mu mihana iri ku birometero 10 uva mu gisagara Dabat.

Umuhari, Tigray People's Liberation Front, TPLF, wasohoye itangazo kuri uyu wa gatatu rihakana ico wise “irementanya”. Umuvugizi wawo, Getachew Reda, yavuze ko asavye amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi kandi yemeye ko ibimenyeshamakuru bishika aho bwabereye kugira habe amatohoza yigenga.

Reuters ivuga ko mu gihe vyokwemezwa, bwoba bubaye ubwicanyi kivunga buhitanye benshi, bukozwe n’inteko za Tigre kuva zifata intara ya Amhara. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG