Uko wahagera

Sudani Yafashe Ibirwanisho Bivuye muri Etiyopiya


Sudani na Etiyopiya

Abategetsi ba Sudani bafashe ibirwanisho ku kibuga c’indege c’i Khartoum vyari bishitse bivuye mu gihugu kibanyi Etiyopiya bije n’indege.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Sudani, SUNA, ryavuze kuri uyu w’Imana ko vyafashwe bishikanywe n’indege y’ubudandaji ya Etiyopiya. Ikimenyeshamakuru, SUNA, cavuze ko abategetsi bavuze ko ivyo birwanisho bifise amamuko mu Burusiya, bishikira muri Etiyopiya mu kwezi kwa gatanu 2019.

Sudani iri mu bihe vy’imfatakibanza kuva mu kwezi kwa kane 2019, inyuma yo gukura ku butegetsi Perezida Omar al-Bashir mu migumuko y’abanyagihugu yiyamiriza ubutegetsi bwiwe.

Ibi bibaye mu gihe hari ikibazo c’imigenderanire hagati ya Sudani na Etiyopiya ku kibazo c’abarimyi bakoresha ubutaka buri ku rubibe, ubwo Sudani yiyitirira.

Ibi bihugu bibiri vyabaye kandi mu kutavuga rumwe ku rugomero rwa Etiyopiya Grand Renaissance, mu matati arimwo na Misiri.

Mu kwezi guheze, abategetsi ba Etiyopiya baraburijemwo igitero c’imirwi y’abitwaje ibirwanisho bavuga ko yaronkejwe imyimenyerezo ya gisirikare kandi ihabwa ibirwanisho na Sudani. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG