Uko wahagera

Tanzaniya: Reta Yahagaritse Ikimenyeshamakuru Raia Mwema


Umugabo ariko arasoma ikimenyeshamakuru candika i Arusha, muri Tanzaniya, w'itariki 23/03/2021
Umugabo ariko arasoma ikimenyeshamakuru candika i Arusha, muri Tanzaniya, w'itariki 23/03/2021

Reta ya Tanzaniya yahagaritse mu kiringo c’imisi 30 ikimenyeshamakuru candika, inyuma y’aho candikiye ko umugabo yagirijwe iterabwoba aheruka kwica abantu bane ari uwo mu mugambwe uri ku butegetsi.

Igiporisi cavuze ko uwo mugabo yishe abaporisi batatu hamwe n’uwundi muntu akorera ishirahamwe ryigenga ricungera umutekano ku murwa mukuru w’ubutunzi Dar es Salaam mu kwezi guheze. Cavuze ko yinjiye mw’iterabwoba aciye ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Interineti.

Ariko ku musi wa gatanu, ikimenyeshamakuru candika, Raia Mwema, cavuze ko umutanzaniya Hamza Mohamed ari uwo mu mugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM), wa Perezida Samia Suluhu Hassan.

Umuvugizi wa reta, Gerson Msigwa, yavuze ko ico kimenyeshamakuru cahagaritswe kuko catanze amakuru ajuragiza abanyagihugu kandi aciye kubiri n’amategeko hamwe n’akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mu kwezi guheze, reta yarahagaritse kandi ikimenyeshamakuru c’umugambwe CCM imisi 14 kubwo kwandika amakuru y’ibinyoma ko Perezida Hassan, atazokwitoza mu 2025. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG