Uko wahagera

Croix Rouge: Abarenga 48000 Baraburiwe Irengero muri Afrika


abimukira baja muri Libiya bavuye muri Agadez, muri Niger.
abimukira baja muri Libiya bavuye muri Agadez, muri Niger.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, rivuga ko abantu barenga 48 000 baburiwe irengero muri Afrika, kandi abashika 21 600 ari abana bato bari munsi y’imyaka 18.

Croix Rouge ivuga ko abo yatohoje bishoboka ko ari bake cane kuko benshi bapfira mu ntambara, abandi bagahitanwa n’ubwicanyi butandukanye, ibiza ndetse n’abahunga Afrika baja kurondera ubuzima mu bindi bihugu.

Amaya Fernandez, ajejwe ubuhanuzi muri iryo shirahamwe ku kantu baburirwa irengero no ku miryango yabo muri Afrika y’uburengero, avuga ko intambara ziri muri bimwe mu bihugu vya Afrika zateye imibabaro mu miryango y’abantu babuze ababo.

Abahinga bamwe babona ko hakenewe inyigisho ku bakorera mu bisata bifasha abanyagihugu n’ibigo bijejwe umutekano, ku kamaro ko guhanagana amakuru yo kumenya ahari abanyurujwe.

Croix Rouge isaba amareta muri Afrika guhagarika iyo ngendo igayitse yo kunyuruza abantu no gufasha kurondera no kumenya ababuriwe irengero kugira imiryango yabo ibimenye. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG