Uko wahagera

Umuyobozi wa ONU Arasabira Imfashanyo Abanyafuganistani


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres ashikiriza ijambo mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres ashikiriza ijambo mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano

Mu gihe Amerika n'abo bicuditse bishima ko icabajanye muri Afuganistani carangiye, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yagabishije kuri uyu wa kabiri ko ukubaho kw’abanyagihugu kuri mu kaga muri Afuganistani. Yasavye ibihugu bibishoboye gutanga uburyo bw’amafaranga mu buryo bwihuse, bwo gufasha inyuma y’itahuka ry’inteko za Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Guterres yashikirije ayo makenga kuri uyu wa kabiri avuga ko ubuzima bw’abantu n’ubutunzi bw’igihugu bigeze aho umwansi ashaka muri Afuganistani, ku buryo ibisata vya nkenerwa nka vyose vyasenyutse. Muri Afuganistani, abana, abagore hamwe n’abagabo bakeneye imfashanyo no kwitabwaho n’amakungu, nkuko yabandanije avuga.

Guterres yatangaje ko ONU izoshira aharagaraga intererano zikenewe abipfuza gufasha botanga kuri Afuganistani mu ndwi iza kandi ko hafi ica kabiri c’abanyafuganistani. Ni ukuvuga imiriyoni 18 z’abantu bakeneye imfashanyo kugira babeho.

Yongeyeko ko ukugaduka kw’isi hamwe n’ibihe vyo gukanya vyimirije bituma ari ngombwa kandi vyihutirwa gutanga ibifungurwa, uburaro hamwe n’ibikoresho vyo kuvura. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG