Uko wahagera

Abatalibani Bumvikanye n'Ibihugu 100 Kuzoreka Abazobandanya Bahunga


Abantu Bahungishwa i Kabul

Ubutegetsi bw’Abatalibani bwemereye ibihugu 100 ko buzobandanya bureka abanyamahanga hamwe n’abanyefuganistani bafise impapuro z’ingendo kuva mu gihugu mu mutekano naho abasirikare ba Amerika bazoba bavuyeyo ku musi wa kabiri. Ivyo bihugu vyabivuze kuri uyu w’Imana.

Umurwi w’ibihugu 100 vyateye umukono kuri urwo rwandiko urimwo Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa, n’Ubudagi. Ivyo bihugu vyavuze ko bizobandanya bitanga ivyangombwa vy’impapuro kubanyefuganistani babafashije. Ubushinwa n’Uburusiya ntibiri mu basinye kuri urwo rwandiko.

Jake Sullivan, umuhanuzi muvy’umutekano muri perezidanse ya Amerika, White House, yavuze kuri uyu w’Imana ko umunyamerika wese ahisemwo kuguma muri Afuganistani ataco azoba. Ariko yavuze kandi ko mu gihe bohitamwo kuzovayo muri kazoza, Amerika ifise uko itegekanya kuzobakurayo.

Ibihugu bigize akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, n’Uburusiya bitegekanya guhura kuri uyu wa mbere kuganira ku kibazo ca Afuganistani. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG