Uko wahagera

Zambiya: Abategetsi mu Gisirikare n'Igiporisi Bahinduwe


Perezida mushasha wa Zamiya Hakainde Hichilema yimikwa, kuri sitade i Lusaka, kw'itariki 24/08/2021
Perezida mushasha wa Zamiya Hakainde Hichilema yimikwa, kuri sitade i Lusaka, kw'itariki 24/08/2021

Perezida mushasha aheruka gutorwa muri Zambiya, Hakainde Hichilema, kuri uyu w’Imana yagenye abategetsi bashasha mu rwego rwa gisirikare yongera asubiriza abakomiseri bose b’igiporisi. Ni inyuma y’aho yemereye abanyagihugu guhagarika ubutegetsi bw’igikenye bwa reta ihitiye.

Imihari iharanira agateka ka muntu yagirije perezida Edgar Lungu kuba yarahohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, aho igiporisi cishe abashika batanu kuva mu 2016.

Hichilema, yatsindiye ubutegetsi mu ndwi iheze, yafashwe incuro zirenga kuri cumi mu gihe ciwe ca poritike. Yatangaje kuri uyu w’Imana igenwa ry’abategetsi bashasha mu gisirikare.

Hichilema yatsinze Edgar Lungu kw’itariki ya 12 y’ukwezi kw’umunani ku majwi arenga umuriyoni. Yaremeye kuzokurikirana abo bose babangamira abanyaporitike no gushigikira ibimenyeshamakuru vyigenga. Hari mw’ijambo yashikirije igihe yimikwa ku musi wa kabiri. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG