Uko wahagera

Abarenga 210 Barishwe mu Ntambara z'Amoko muri Etiyopiya


Abarwanyi bo mu ntara ya Tigre mu gisagara ca Hawzen, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 7/05/2021.
Abarwanyi bo mu ntara ya Tigre mu gisagara ca Hawzen, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 7/05/2021.

Abantu barenga 210 barishwe mu mvururu zishingiye ku moko, mu ntara ya Oromo ya Etiyopiya mu ndwi iheze. Komisiyo yigenga iharanira agateka ka muntu muri Etiyopiya, Ethiopian Human Rights Commission (EHRC) yabivuze kuri uyu wa kane.

Iyo komisiyo ya reta ariko yigenga yavuze ko ababonye ubwo bwicanyi bavuze ko abagabo bitwaje ibirwanisho bakorana n’abarobeli barwanira guhabuza intara ya Oromo bishe abantu barenga 150, kuva kw’itariki 18 y’ukwezi kwa munani.

Ico gitero catumye abagore n’abana bahungira mu turere bahanye indaro, bica bitera icuka kibi co kwihora. Iyo komisiyo yavuze ko mu misi yakurikiye haciye haduka ubwicanyi bwo kwihora bushingiye ku moko, bwahitanye abandi bantu 60.

Abarobeli barwanira guhabuza intara ya Oromo bahakanye kwitirirwa ubwo bwicanyi.

Imvururu hagati y’amoko y’aba-Oromo na Amhara, akomeye muri Etiyopiya zahitanye abantu barenga 300 mu kwezi kwa gatatu, nkuko abategetsi babivuga.

Uburaruko bwa Etiyopiya bwinjiye mu ntambara kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, igihe umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed arungikiye abasirikare mu ntara ya Tigre kurwanya abaharanira kwiyonkora ku gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG