Uko wahagera

Nijeriya: Bamwe mu Banyeshure Bari Baranyurujwe Barekuwe


Abavyeyi bakoraniye kw'ishure ry'abayisilamu, Salihu Tanko i Tegina, muri reta ya Nijeri, muri Nijeriya, kw'itariki ya 10/08/2021.
Abavyeyi bakoraniye kw'ishure ry'abayisilamu, Salihu Tanko i Tegina, muri reta ya Nijeri, muri Nijeriya, kw'itariki ya 10/08/2021.

Umutegetsi kw’ishure mu buraruko bwa Nijeriya yavuze ko abagabo bitwaje inkoho barekuye bamwe mu banyeshure barenga 100 banyuruje mu kwezi kwa gatanu.

Abo bana banyurujwe bahora biga kw’ishure ry’abayisilamu ry’ahitwa Salihu Tanko muri reta ya Nigeri, barimwo uwufise imyaka itanu.

Abubakar Garba Alhassan, aserukira abigisha kuri iryo shure nta gitigiri yatanze c’abarekuwe, ariko abavyeyi bari bamaze indwi ziheze baca ku biti no ku mabuye batororokanya amafaranga abo babanyuruje basaba kugira babarekure. Caba igiporisi canke ibiro vya buramatari w’iyo reta ya Nijeri nta n’umwe yagize ico avuga.

Barekuwe haciye umusi ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bivuga ko umuvyeyi umwe yavuze ko batandatu muri abo bana bapfiriye iyo banyururijwe.

Abo bitwaje inkoho bamaze kunyuruza abanyeshure amajana mu buraruko bwa Nijeriya muri uyu mwaka, kandi reta ntiyashoboye gutanga amafaranga basaba kugira abanyurujwe barekurwe. Ico nico caciye gituma amashure menshi yugarwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG