Uko wahagera

Perezida Biden Arahiga Kwihora Abishe Abasirikare 13 ba Amerika muri Afuganistani


Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo kuri Afuganistani, i Washington
Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo kuri Afuganistani, i Washington

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yemeye ko azokwihora abakoze igitero kuri uyu wa kane hanze y’ikibuga c’indege i Kabul cahitanye abasirikare ba Amerika bashika 13 hamwe n’abasivile batari bake. Bari bakoranye mu cizere co guhungishwa ubutegetsi bw’abatalibani.

Jenerali Kenneth McKenzie, arongoye ibiro vya gisirikare muri Amerika yavuze ko hari n’igitigiri c’abasivile ba Afuganistani bapfuye abandi bakomerekera muri ico ico gitero yegetse ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, witwa ISIS K. Yongeyeko ko bakiriko baregeranya ibiharuro nyavyo vy’abapfuye.

McKenzie yavuze kandi ko indege za Amerika zitazohagarika guhungisha abantu bipfuza kuva i Kabul naho iki gitero cabaye. Yavuze ko yiteze ko ISIS izogerageza ibindi bitero ariko ko bitazobuza ko igikorwa biyemeje bagisozera.

Abiyahuzi babiri bambariyeko bombe baziturikije hafi y’urwinjiriro rwo ku kibuga c’indege, rwitwa Abbey hamwe no hafi y’ihoteri ihegereye yitwa Baron, nkuko Jenerali McKenzie yabivuze. Izo bombe kandi zakurikijwe n’amasasu yarashwe abasivile n’abasirikare. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG