Uko wahagera

Covid-19: Abasirikare ba Amerika Bategetswe Gucandagwa Bose


Abasirikare ba Amerika bariko bategura incanco za COVID-19, ku kibanza bacandagiramwo ca Miami, Florida, kw'itariki 10/03/2021.
Abasirikare ba Amerika bariko bategura incanco za COVID-19, ku kibanza bacandagiramwo ca Miami, Florida, kw'itariki 10/03/2021.

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bahawe itegeko ryo gucandagwa COVID-19 vuba bwango, ata kurindira. Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin, yabitangaje kuri uyu wa gatatu.

Ikigo ca Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti, FDA, caremeje ku musi wa mbere ko urucanco rwakozwe n’ihinguriro Pfizer rukwije ibisabwa, ko abantu borwiteza ata bwoba. Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika barenga 800 000 ni bo gushika ubu bagisigaye batariteza urwo rucanco rwa Covid-19.

Iryo tegeko ntiritomora ariko igihe ntarengwa babwirizwa kuzoba baricandagishije, ariko ibisata vya gisirikare vyategetswe kuzoza biratanga amakuru y’uko biriko biragenda.

Umushikiranganji Austin yavuze ko vyabaye ngombwa gufata iyo ngingo kuko ata gisirikare corwanira igihugu kitagira amagara meza. Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kirimwo abasirikare barenga umuriyoni n’ibihumbi 300 hamwe n’abandi hafi 800 000 batumwako gucungera umutekano mu gihugu hagati iyo wahungabanye. (AP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG