Kuva mu kwezi kwa munani k’uno mwaka, umugambwe w’abadasigana Uprona ufise indongozi nshasha. Ni indongozi hari abadasigana bavuga ko batazemera. Uyu mugambwe washinzwe na Rudoviko Rwagasore yarondeye intahe yo kwikukira mu Burundi haheze igihe kinini wama mu matati, yatumye wicamwo ibice akatari gake, ndetse biviramwo ukwirukanwa kwa bamwe mu bahoze mu nzego zigeze gutwara Uburundi. Kazoza k’uwo mugambwe ni akahe? Ubu uhagaze gute? Hari icoba kiriko kirakorwa kugira amashami atandukanye y’uwo mugambwe agaruke ku muzi umwe yiyunge? Olivier Nkurunziza atwara Uprona yemewe n'amategeko na Tacien Sibomana, atwara Uprona itavuga rumwe na Reta kandi itemewe n'amategeko barabigarukako kuri micros y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe