Uko wahagera

Cadi: Reta Ntizogandarira no Kwunamira Hissene Habre


Hissene Habre yahoze ari prezida wa Cadi
Hissene Habre yahoze ari prezida wa Cadi

Reta ya Cadi yavuze kuri uyu wa kabiri ko ata mugambi ifise wo gutunganya ikigandaro no kwunamira Hissene Habre yigeze kuba ari prezida, yishwe na Covid-19 aho yari apfungiwe muri Senegal.

Reta yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko yihweje ivyaha yakoze nuko ata gateka yahaye abo yahohoteye, ata na kimwe kimutegekanirijwe ku rwego rwa reta.

Hissene Habre, yapfuye kuri uyu wa kabiri afise imyaka 79, aho yari mu bitaro vyamwakiriye i Dakar.

Umuryango wiwe ntaco urashikiriza ku gihe canke ikibanza azopfubwamwo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG