Uko wahagera

Somaliya: Abatavuga Rumwe na Reta Bagabisha Kutazokwitabira Amatora


Abanyapolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bari mu runani bazokwitoza mu matora ategekanijwe muri Somaliya banse kwemera urupapuro rw’inzira rw’amatora rwashikirijwe na reta hamwe n’abategetsi b’intara.

Abo banyapolitike bisigura bavuga ko urwo rupapuro rw’inzira ruha ububasha burenze abategetsi batanu barongoye intara, mu guhitamwo intumwa zizotora abashingamateka 275.

Ayo matora y’abashingamateka ategekanijwe gutangura mu ntango z’ukwezi kuza, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’itariki 10 y’ukwezi kwa cumi. Ariko abasesangura ivya poritike bavuga ko ukwo kutumvikana ku rupapuro rw’inzira kwadutse kuzotevya amatora y’umukuru w’igihugu mu gihe hatoba umwumvikano vuba.

Amatora muri Somaliya yari gutangura mu mwaka uheze, ariko yagumye yigizwayo bitewe no kutumvikana kw’abanyeporitike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG