Uko wahagera

USA: Abantu 22 Barishwe n'Imvura y'Isegenya muri Tennessee


Ikamyo yatwawe n'Imyuzure y'amazi i McEwen, muri Tennessee.

Abategetsi muri reta ya Tennessee, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze ko abantu bashika kuri 22 bapfuye abandi hafi 40 baraburirwa irengero, inyuma y’imyuzure y’imvura yari ivanze n’igihuhuhusi yasanganguye ibitari bike muri iyo reta ku musi wa gatandatu.

Abapfuye bava ku rugero rw’abana bakiri bato gushika kubageze muzabukuru.

Gushika ejo kuw’Imana, imigende y’amazi imaze guheza, hagaragara ibisigarira vy’imodokari zatwawe nimyuzure, amazu yaba ay’abantu canke y’ubudandaji asigaye ku mishinge gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG