Uko wahagera

Ashraf Ghani Yahungiye muri Emirat z’Abarabu Zunze Ubumwe


Ashraf yahora ari perezida wa Afghanistan

Ashraf Ghani yahora ari Prezida wa Afghanistani, ari muri Emirat z’Abarabu zunze ubumwe, inyuma y’aho ahungiye igihugu mu ntango z’iyi ndwi, igihe Abatalibani bigarurira ubutegetsi. Umushikiranganji wa Emirat z’Abarabu zunze ubumwe ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yatangaje kuri uyu wa gatatu ko igihugu ciwe cakiriye Prezida Ashraf Ghani hamwe n’umuryango wiwe.

Ghani yahunze Afuganistani ku w’Imana, imbere y’uko Abatalibani bashika i Kabul ata ntambamyi bahuye nazo. Mu butumwa yashize kuri Facebook, yavuze ko Abatalibani batahukanye intsinzi kandi ko yahunze Afuganistani kugira akinge ko amaraso aseseka.

Gushika kuri uyu wa gatatu, vyanugwanugwa ko Ghani yoba yahungiye muri Omani, Tajikistani canke Uzbekistani.

Inyuma y’imyaka bamaze ku butegetsi muri Afuganistani kuva mu 1996 gushika 200, Abatalibani babukuweko na Reta zunze ubumwe za Amerika, inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye muri Amerika kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda, 2001.

Bongeye gusubira ku burongozi bw’igihugu mu kwifatira ibisagara bikomakomeye mu misi 10 muri uku kwezi, inyuma y’intambara yari imaze imyaka 20 yahitanye ibihumbi amajana vy’abantu. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG