Uko wahagera

Haiti: Abishwe na Nyamugigima Bashitse ku 2000


Ibitigiri vy’abishwe na nyamugigima yabaye muri Haiti vyaduze gushika ku bashika 2000 n’abababa 10000 bakomeretse, nk’uko ikigo kijejwe gukinga ibiza cabivuze kuri uyu wa kabiri. Amazu arenga 12 000 arimwo ay’abanyagihugu, amashure n’amavuriro nk’uko ico kigo cabivuze.

Ibihumbi vy’abantu ntibakigira aho bakika umusaya mu gihe kandi bahanzwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Grace casanganguye ico gihugu. Ikigo ca Amerika gishinzwe ibiza kivuga ko bishobora gutuma imisozi isidagurika muri ico gihugu gihanzwe n’ubukene.

Abatanga imfashanyo baza baratanguye kuja gufasha, barimwo n’abahinga b’Abanyamerika karuhariwe mu vyo kurondera abaguweko n’ibibomoke. Izindi mfashanyo zimaze gushikira Haiti zigizwe n’ibifungurwa, imiti hamwe n’amazi vyavuye muri Mexique.

Iyo nyamugigima yabaye nk’iyaje gusongera isibe mu gihugu cari kimaze ukwezi kurenga kibuze umukuru w’igihugu, Jovenel Moise yiciwe mu rugo iwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG