Uko wahagera

Prezida Buhari Agabisha ko Iterabwoba Rigiye Gukomera muri Afrika


Prezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari

Mu gihe ubutegetsi buhindutse muri Afuganistani bukegukira Abatalibani, Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, muri iyi ndwi yaragabishije ko urugamba rwo kugwanya iterabwoba rutarangiye ariko rugiye kwimukira ku mugabane wa Afrika.

Mu rwandiko yacishije mu kimenyeshamakuru "Financial Times" co muri Nijeriya ku musi w’Imana, Prezida Buhari yavuze ko Afrika ikeneye imfashanyo zirenze iza gisirikare kugira iterabwoba rituzwe. Yavuze ko Afrika ikeneye abaza kuyishingamwo imitahe.

Buhari yavuze ko iterabwoba rirushiriza kwiyongera muri Afrika, harimwo kuva ku riterwa na Boko Haram muri Nijeriya no mu karere ka Sahel gushika kuri al-Shabab muri Somaliya n’iryadutse muri Mozambique.

Ariko Prezida Buhari yidogera ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko vyashize inguvu mu karere ko mu buseruko bwo hagati no muri Afuganistani, bibagira umugabane wa Afrika.

Yavuze ko Afrika ubu ikeneye abashinga imitahe itanga ubuzi ku rwaruka hamwe n’icotuma ubutunzi bwisununura kuko abanyagihugu biyongereye cane kuri uyo mugabane.

Buhari avuga ko abanyafrika badakeneye abasirikare mvamakungu ku butaka bwa Afrika ariko hakenewe abubatsi. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG